Uko wahagera

Isengero Yabomotse Yahitanye 13 muri Afurika y'Epfo


Itangazamakuru mu gihugu ca Afrika y’epfo rimenyesha ko abantu 13 bapfuye igihe isengero barimwo yasenyuka.

Televiziyo News24 yasubiyemwo umuvugizi w’abajejwe ibikorwa vyihutirwa vy’abashinzwe ivyerekeye ubuvuzi, Robert McKenzie, avuga ko imvura y’isegenya ishobora kuba ariyo yatumye iryo sengero risenyuka ku musi wa kane ahitwa Dlangubo.

Iryo sengero rivurwa ko ryasenyutse igihe hariko haba imisa ya Ekleziya y’abapantekoste mu gihe igihe ca Pasika cegereje.

Abantu 6 bavurwa ko bakomeretse. Abategetsi barihutiye kuja ahabereye iryo sanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG