Uko wahagera

Irani Yoba Igiye Kwubahiriza Amasezerano ya Nikleyeri yo mu 2015?


Perezida wa Irani Hassan Rohani

Irani itangaza ko yiteguriye gusubira kwubahiriza amasezerano ya Nikleyeri yo mu 2015 yari yaragiranye n’ibihugu bitunze, ari nka hamwe Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zovanaho ibihano ico gihugu kivuga ko cafatiwe bidakwiriye.

Perezida wa Irani Hassan Rohani ibi yabivuze inyuma y’umubonano yagiranye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Irlande n’amakungu. Ni umubonano uri mu rukurikirane rwo gusubira kunagura ayo masezerano ku vya Nikleyeri. Irlande ntiyegwa n’ayo masezerano ariko ifise igikorwa co gufasha mw’ishirwa mu ngiro ryayo.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Joe Biden yavuze ko yiteguriye gukora ibishoboka vyose ayo amsezerano akagaruka, ariko ashimangira yuko Irani imbere y’ibi ibwirizwa kubanza nayo kubahiriza ivyo yari yariyemeje vyose.

Uwahoze ari perezida w’Amerika Donald Trump yakuye igihugu muri ayo masezerano mu 2018, gutyo asubiza Irani mu bihano. Ico gihe yasigura ko Irani yabandanije guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri kandi iguma ifata mu mugongo imirwi y’iterabwoba. Ibi vyose biri mu vyo Irani yari yasabwe guhagarika mu masezerano yo mu 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG