Uko wahagera

Irani Yafashe Ubwato Bufise Ibendera y’Igihugu ca Liberiya


Ikarata y'ahaherereye Irani n'ikigobe ca Hormuz
Ikarata y'ahaherereye Irani n'ikigobe ca Hormuz

Inteko zirwanira mu mazi za Irani zafashe mu kiringo gitoyi ku musi wa gatatu ubwato butwara ibitoro bufise ibendera y’igihugu ca Liberiya hafi y’ikigobe ca Hormuz. Ni mu gihe hari icuka kibi gitera ciyongera hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani.

Izo nteko zafashe ubwo bwato bwitwa, MT Wila, mu kiringo c’amasaha 4 imbere yuko ziburekura ku musi wa gatatu. Iyo nkuru yatangajwe n’umuwe mu bategetsi b’igisirikare ca Amerika atashatse ko izina ryiwe rimenyekana imbere yuko ibirenga aho ku vyabaye bishirwa ahabona.

Abari mu bwato MT Willa ntibigeze batanga ubutumwa bw’uko bari mu bibazo imbere yuko bufatwa, igihe bwafatwa n’inyuma yaho. Nta mpamvu abategetsi b’igisirikare ca Amerika batanze yoba yatumye Irani ifata ubwo bwato.

Itangazamakuru n’abategetsi ba Reta ya Irani ntibemeje ifatwa ry’ubwo bwato canke ngo batange insiguro. Imishamirano hagati ya Irani na Amerika yiyongeye mu mwaka uheze inyuma yuko Amerika ivuye mu masezerano amakungu yari yagiranye n’ico gihugu ku bijanye n’umugambi wayo ufatiye ku buhinga bwa nucleaire.

Ubwato butwaye ibitoro mu mazi yo mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi na cane cane mu kigobe ca Hormuz buratotezwa kenshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG