Uko wahagera

Irani na Turukiya Vyifatiye mu Gahanga UAE Yiyunze na Isirayeri


Uyu musi ku wa gatanu igihugu ca Irani hamwe n’igihugu ca Turkiya vyanebaguye igihugu ca Reta ziyunze z’Abarabu kubera ingingo cafashe yo kwunga imigenderanire na Isirayeli, inyuma y’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zifashirije muri ayo masezerano. Ivyo bihugu birega Reta ziyunze z’Abarabu ko cahemukiye Palesitina.

Umushikiranganji w’igihugu ca Irani ajejwe imigenderanire yavuze ko ayo masezerano asogose inkota mu mugongo w’Abanyapalestine hamwe n’Abayisilamu. Igihugu ca Turukiya cavuze ko abanyagihugu bo muri iyo ntara batazokwibagira ubwo buhemu bwa Reta ziyunze z’Abarabu.

Ico gihugu kitigeze gitana mu mitwe na Isirayeli kandi cagumye kinagura buhoro buhoro imigenderanire yaco nayo. Casiguye ko ayo masezerano arimwo ingingo zo guhagarika umugambi w’igihugu ca Israeli wo kwigarurira ibice bimwe vyo mu ntara ya Sisjodania, Palesitina ivuga ko iyegukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG