Perezida w’igihugu ca Irani, Hassan Rouhani yatangaje ko niba prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ashaka kugirana ibiganiro n’igihugu ciwe, yotegerezwa kubanza gufata intambwe ya mbere mu gukuraho ibihano yafatiye igihugu ciwe.
Rouhani avuga ko Irani yatangaje ku buryo bugaragara ko itipfuza gukora ibirwanisho rubonyanganda. Akaba amenyesha ko ibihano igihugu ciwe cafatiwe biciye kubiri n’amategeko.
Perezida Trump yatangaje ku musi wa mbere ko kubonana na perezida Rouhani mu ndwi ziri imbere kugira baganire amasezerano mashasha ku mugambi wa Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda ari ibintu bishoboka.
Ayo masezerano yosubirira amasezerano amakungu yagiranye na Irani mu mwaka w’i 2015. Trump yavuye muri ayo masezerano mu mwaka uheze. Trump yavuze ko ibihano vy’ubutunzi yasubijeho ku bijanye na Irani haheze umwaka bigeramiye bikomeye ico gihugu. Ivyo bihano vyaragabanije bikomeye cane ibitoro igihugu ca Irani gishorera mu mahanga.
Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yaragerageje guhuza Amerika na Irani mu biganiro. Yatangaje ko yaganiye na prezida wa Irani, Hassan Rouhani, ko yipfuza kubonana na Prezida Trump.
Macron yibaza ko Amerika na Irani bishobora gushika ku masezerano hamwe Trump yohura na Rouhani.
Facebook Forum