Impunzi z’Abakongomani bahungiye mu Burundi basaba ko ikibazo c’ukubura imfungurwa kimaze iminsi kibugarije gikemurwa bidatevye.
Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika mu ntara ya Cankuzo bavuze ko infungurwa vyari bitegekanijwe ko baronka igenekerezo rya kane ukwezi kwa kabiri bariko bazironswa muri ino ndwi.
PAM isigura ko ico kibazo catewe n'imiduga irimwo ibifungurwa yatevye mu nzira. Iryo shirahamwe ryemeza ko ari ikibazo kiri mu makambi yose, rigahumuriza ko kigiye gukemurwa.
Facebook Forum