Uko wahagera

Inyuruzwa ry'Umunyamerikazi Ryoba Rigiye Guhomvya Uganda?


Prezida wa Uganda Yoweri Museveni
Prezida wa Uganda Yoweri Museveni

Mu gihe ku mwaka ku mwaka igisata c’ingenzi cinjiriza Uganda umuriyaridi umwe n’amamiriyoni atatu by’amadorali, abajejwe amapariki bavuze ko inyuruzwa ry’abo bantu babiri rishobora kugira ingaruka mbi ku gisata c’ingezi.

Prezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni ahumuriza ko igihugu ciwe ari nyabagendwa. Ni inyuma y'aho abajejwe umutekano batabariye Umunyamerikakazi n’umushoferi wiwe bari banyurujwe n’abitwaje ibirwanisho babasanze muri Pariki.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter Museveni yanditse ati “Tugiye guhiga n’ako kagwi k’abagizi ba nabi. Nshaka guhumuriza igihugu cose n’ingezi ko Uganda itekanye kandi ko umutekano ugiye gukomezwa mu ma pariki yose. Nimuze muryoherwe n’ubwiza bwa Afurika.”

Umunyamerikakazi Sue Endicott w’imyaka 56 kumwe n’umushoferi wiwe Jean-Paul Mirenge bari banyururijwe muri Parike yitiririwe umwamikazi w’Ubwongereza, Queen Elizabeth, ku wa kabiri w’indwi iheze hafi y’urubibe Uganda ihana na Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Bakinyuruzwa Polisi yavuze ko ababanyuruje bifashishije terefone bari basavye ko hatangwa amadorali y’Abanyamerika ibihumbi 50 kugira ngo barekurwe. Kugera ino saha ntibiramenyekana ko ayo mafaranga yahavuye atangwa canke atatanzwe.

Mu gihe ku mwaka ku mwaka igisata c’ingenzi cinjiriza Uganda umuriyaridi umwe n’amamiriyoni atatu by’amadorali, abajejwe amapariki bavuze ko inyuruzwa ry’abo bantu babiri rishobora kugira ingaruka mbi ku gisata c’ingezi.

Hagati aho ubuserukizi bwa Amerika IiKampala bwasavye Abanyamerika bari muri Uganda kwiyubara igihe cose bagendera ama parike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG