Uko wahagera

ONU: Agateka ka Muntu Karahohoterwa kw'Isi


Komiseri mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ivy’agateka kazina muntu amenyesha ko ibihugu n’amareta bitariko birubahiriza amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka muntu.

Amenyesha ko ayo mategeko yari yashiriweho gukingira ubuzima n’agateka k’abantu ariko ariko ahonyangwa n’ibihugu kubw’inyungu z’agihe gito.

Mugihe yariko yugurura inama igira 31 y’akanama ka ONU kajejwe agateka kazina muntu i Jeneve mu Busuwisi, Zeid Ra'ad al Hussein yamenyeshaje ko ivyitwa ko ar’ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba n’imigwi y’intagondwa biriko birahungabanya agateka ka muntu.

Amenyesha ko ayo mategeko mpuzamakungu y’agateka kamuntu ariko arasamburwa kandi bibabaje.

Ati mugihe yashizweho kugira bahangane n’ubugizi bwa nabi, ayo mategeko ariko ahonyangwa n’ama reta yihitiramwo ivyo akora bihuye n’inyungu zabo za politike.

Zeid Ra'ad al Hussein avuga ko inyuma yaho hahereye intambara igira kabiri y’isi, ibihugu vyaruguruye amarembo yavyo ku ma miliyoni y’impunzi.


XS
SM
MD
LG