Uko wahagera

Intagondwa za al-Shabab Zishe Abasirikare Umunani ba Somaliya


Intagondwa z’abarwanyi b’umurwi wa al-Shabab zishe abasirikare umunani b’igihugu ca Somaliya. Ni mu gitero cabereye mu bumanuko bw’igihugu aho abo basirikare baguye mu mutego w’izo ntagondwa.

Colonel Ahmed Hassan yatangaje iyo nkuru, avuga kandi ko abasirikare babiri gushika ubu bataratorwa inyuma y’aho abasirikare bari mu mudoka zikwirikirana baterewe bari bashitse mu ntara ya Shabelle, hagati y’igisagara ca Afoy n’ica Wanlaweyn.

Umurwi w’intagondwa z’abarwanyi ba al-Shabab, ukorana n’umurwi w’iterabwoba al-Qaida, watantaje ko ari wo wakoze ico gitero. Wasiguye ko abasiriakre 25 ari bo baguye muri ico gitero. Yamara igisirikare ca Somaliya kirahakana ayo makauru.

Ico gitero kibaye inyuma y’imisi mike, ibiro vy’igihugu ca Somaliya bijejwe iperereza bitangaje ko vyafashe amatoni 80 y’ubumara bwo mu bwoko bwa “acide”, bwari butwawe mu ntara icumbitswemo n’umurwi al Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG