Mu Buhindi abategetsi batangaje uno musi kuwa mbere ko isanganya ry’inyubakwa yo kubamo yahitanye abantu 10. Abo bategetsi bavuga ko iryo sanganya ryabaye mu gitondo mu karere ka Maharashtra.
Abajejwe ibikogwa vyo gutabara imbabare batanguye kugerageza kurokora abantu boba bakiri muri iyo nyubakwa. Pankaj Ashiya, komiseri w’akarere ka Bhiwandi mu gace ka Thane kari mu bigwati vy’igisagara ca Mumbai, yatangaje ko abantu 11 bamaze kurokoka mu bakomerekejwe n’isenyagurika ry’iyo nyubakwa y’amagorofa ane.
Uwo mutegetsi avuga kandi ko iyo nyubakwa imaze imyaka 30 kandi ko hari hageze ko isubigwamwo. Yamara, ivyo ntivyakunze kubera ikiza ca Corona catumye ibikogwa vyo kwubaka bihagarikwa.
Facebook Forum