Uko wahagera

Ingwano Hagati y'Amoko Yahitanye Abantu 37 muri Mali


Akarere ka Mopti muri Mali
Akarere ka Mopti muri Mali

Abantu bitwaje ibirwanisho barishe abasivile bo mu bwoko bw’abafulani 37 ejo ku musi wa kabiri mu gice co hagati mu gihugu ca Mali.

Ubwicanyi hagati y’abafulani n’ubundi bwoko badacana uwaka vyunyuye umutekano wari usanzwe wifashe nabi cane mu ntara zirimwo ubugararwa muri Mali. Izo ntara zikoreshwa n’imirwi y’intagondwa z’abayislamu ikorana n’umurwi al-Qaida na Reta ya Kiyislamu.

Reta y’igihugu ca Mali itangaza ko abagize igitero co ku musi wa kabiri bari bambaye nk’abahigi bo mu bwoko bw’aba Donzo. Imenyesha ko bateye imihana y’ahitwa Koulogon mu ntara ya Mopti iri hagati mu gihugu. Bamwe mu bapfuye bavugwa ko bari abana.

Moulage Guindo, umukuru w’igisagara ca Bankass kiri hafi yaho, avuga ko igitero co ku musi wa kabiri cahuriranye n’akamo ka mbere gahamagarira ibisabisho vy’umwaka mushasha.

Igihugu ca Mali caranzwe n’uruhagarara kuva abarwanya ubutegetsi b’aba Tuareg n’iyindi mirwi y’abayislamu bikorana bafashe uturere tw’uburaruko mu mwaka w’i 2012.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG