Uko wahagera

Ingingo Zimwe Zimwe zo mw’Ibwirizwa Shingiro ngo Zikwiye Guhindurwa, ngo Kuko Zataye Igihe.


Abategetsi bo mu Burundi baherutse gutangaza bimwe mu bintu bikwiye guhinduka mw’ibwirizwa shingiro, ar’ibitigiri vyisunze amoko, bimwe bita Quota Ethnique mu rurimi rw’igifaransa.

Hari abavuga kw’ivyo bigitigiri vyumvikanyweko, bitagira insiguro nziza kandi abarundi bose batavyiyumvamwo, ngo cane cane abatwa, ata na hamwe bavugwa kandi ata n’igitigiri kibaserukira mu nzego z’igihugu, cashikirijwe.

Hari n’abandi bavuga kw’ivyo bititiri bidakwiye gukurwa mw’ibwirizwa shingiro, ngo kuko arivyo vyatumye mu Burundi ikibazo c’ukwinubana mu vyerekeye amoko, kigabanulka, kandi ngo binafasha mu kwirinda gukumirana.

Abashingantahe twagiranye ikiganiro mu mpera z’iyi ndwi, Juvenal Ngowenubusa; Pacifique Manirakiza hamwe na Fabien Cishihayo, baratubwira ivyiymviro vyabo kur’ico kibazo:

XS
SM
MD
LG