Uko wahagera

Ingabo za Etiyopiya Zatanguye Kugaba Ibitero mu Ntara ya Tigreya


Bamwe mu banyagihugu ba Tigray Bahunga intambara
Bamwe mu banyagihugu ba Tigray Bahunga intambara

Igisirikare ca Etiyopiya catanguye ibitero ku nteko z'intara ya Tigreya gikoresheje inteko zirwanira ku butaka. Ivyo bitero vyatanguye uno musi ku wa mbere nkuko vyatangajwe n’umuvugizi w’umugambwe utwara intara ya Tigreya, Getachew Reda.

Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, kw’itelefone, ko igisirikare ca Reta ya Etiyopiya gifatanije n’inteko zidasanzwe zo mu ntara ya Amhara iri mu buraruko bw’igihugu vyatanguye ivyo bitero mu gitondo c’uno musi ku wa mbere.

Ntaco umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopia, Abiy Ahmed, abategetsi ba reta y’intara ya Amhara canke umuvuguzi w’igisirikare ca reta babivuzeko buno nyene.

Getachew yari yatangaje ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije ko inteko za reta ziriko zirakoranirizwa hamwe ku mpande zose. Yavuze ko batari bazi neza uruhande ibitero bikomeye vyari kuza biturutsemwo. Yari yamenyesheje ko vya muzinga vyariko bishirwa mu bibanza bitandukanye kandi ko n’indege zitagira abadereva, bita drone, zariko zirakoreshwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG