Uko wahagera

Inakuru wa Perezida Barack Obama Yashinguwe muri Kenya


Barack Obama na Inakuru Wiwe Sarah Obama

Sarah Obama, inakuru wa Barack Obama yahoze ari perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika yashinguwe kuri uno wa kabiri muri Kenya. Uwo mukurambere benshi batazira Mama Sarah yitavye Imana ejo ku wa mbere.

Yari umutamakazi aharanira indero y’abana b’abakobwa n’impfuvyi mu kibano ciwe I Kogelo hagati mu gihugu ca Kenya. Agishengera, Umukobwa wiwe Marsat Onyango yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika AP ko yitavye Imana sa kumi zo mu gitondo ku musi wa mbere, kandi ko vyaciye umutima umuryango wose. Icamuhitanye yamara nticatangajwe.

Umuvugizi w’umuryango wa Mama Sarah, Sheik Musa Ismail, amenyesha ko umuvyeyi wabo yari agwaye bisanzwe kandi ko bari baramupimye bagasanga ata mugera wa Corona afise. Musa Ismail avuga ko yari amaze ikiringo c’indwi agwariye imuhira, imbere y’uko ajanwa mu bitaro.

Prezida Barack Obama yahojeje umuryango wiwe ku rubuga rwa twitter, ati: “Umurango wanje uragandariye urupfu rwa nyokuru wacu Sarah Ogwel Onyango Obama benshi bazi nka “Mama Sarah” ariko twebwe twamwita “Dani” canke “Nyogo”.

Obama yongeye ashira kuri urwo rubuga amafoto yiwe akiri muto ari kumwe na inakuru, yongerako, ati: “tuzomukumbura cane ariko kandi tugiye kwigina twibuka ubuzima bwiwe bwari buteye igomwe”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG