Imyuzure mu gihugu ca Tanzaniya yahitanye abantu 5 abandid 2.500 barava mu zabo. Ni inyuma y’indwi y’imvura y’isegenya yaguye mu bumanuko bw’igihugu.
Amashule yarugaye mu gice ca Kyela kiri ku rubibe n’ikiyaga ca Malawi. Imiryango itari mike yahungiye mu bibanza vyategekanjwe kuyakira inyuma yuko itakaje ibintu vyose bihitanywe n’imyuzure.
Umunyamabanga ajejwe intwaro mu karere ka Kyela, Salome Magambo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, APF, ko ivyononywe n’imyuzure ari vyinshi cane.
Avuga ko kuva mu ntango z’indwi bamaze kumenya abantu 5 bapfuye n’abandi 2.570 batagira aho bakika umusaya. Bamwe muribo bakiwe n’abagenzi canke bari mu mashule canke amasengero.
Ibifungurwa n’imiti vyararungikiwe abafatiwe muri iyo myuzurane.
Ubutaka bwo mu karere ka Kyela, kazwi ko kimbura umuceri mwinshi bwararengewe n’imyuzure. Amazi yarononye ivyimburwa. Hakaba hari impungenge ko ikibazo c’ibifungurwa gishobora kwibonekeza mu mezi ari imbere.
Facebook Forum