Abanyagihugu bo muri Zimbabwe kuri uno wa mbere bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya Reta yo kuduza igitoro incuro zirenga zibiri.
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, Associated Press, ryemeza ko polisi mu bice bitari bike vy’umurwa mukuru, Harare, yatanye mu mitwe n’abari muri iyo myiyerekano.
Polisi yamijaguye ivyuka bikoroza amosozi abiyerekana mu ntumebero yo kubashwiragiza, abiyerekana nabo batera amabuye bongera baturira ama modoka nkuko Associated Press ibitangaza.
Amakuru ava muri Zimbabwe avuga ko abasirikare bahavuye barungikwa mu bice vyabereyemwo iyo myiyerekano gusuka mabisi hagati ya polisi n'abiyerekana.
Facebook Forum