Uko wahagera

Imyiyerekano Yiyamiriza Itegeko ryo Gucandarwa muri Canada no mu Bufaransa


Bamwe mu banyagihugu bakoze imyiyerekano mu gisagara ca Marseille co mu Bufaransa bahanganye na Polisi

Intara ya Quebec muri Canada yategetse ko kuva mu kwezi kuza kw’icenda ata muntu n’umwe azokwinjira inzu z’uburiro, iz’ubunywero, izo kugororeramwo imitsi canke ahabera ibiteramo aterekanye ko yicandagishije umugera utera Virusi ya Corona.

Abaharurwa mu majana ejo ku wa gatandatu bihaye amabarabara yo mu gisagara ca Montreal biyamiriza iyo ngingo. Abenshi mu bakoze iyo myiyerekano bari kumwe n’imiryango yabo. Umwe mu bari muri iyo myiyerekano yasiguye ko umuntu ku gatwe kiwe ari we akwiye kwifatira ingingo yo gucandarwa bitabwirizwa kuba itegeko.

Ahandi abanyagihugu bihaye amabarabara biyamiriza ibisa nk’itegeko ryo kwicandagisha umugera wa Corona ni mu Bufaransa: Umuntu wese kugira yinjire mu nzu y’uburiro canke afate ingendo biciye muri za gari ya moshi vuba muri ico gihugu azotegerezwa kwerekana ko yacandazwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG