Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abiyamiriza Ivangurarukoba mu Bufaransa


Mu Bufaransa, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu butangaza ko abajejwe gucungera umutekano bagera kuri 77 baraye bakomerekeye mu myiyerekano y’abavuga ko biyamiriza urugomo rwa polisi na politike ya Perezida Emmanuel Macron mu vyo gukingira umutekano.

Abashika ku 95 mu baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi bari muri iyo myiyerekano nabo baratawe muri yompi nkuko ubwo bushikiranganji bwavyemeje. Umukuru w’umurwa mukuru w’Ubufaransa, Paris, nawe abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yateye ivyatsi ico yise “ Inguvu zakoreshejwe n’abiyerekana”.

Biravugwa ko polisi yamijaguye ibisasu bikoroza amasozi mu biyerekanye, inyuma yaho bamwe muri bo bari biyoberanije mu maso bamenaguye ibiyo vy’iduka ryegereye aho bakoreye iyo myiyerekano.

Agashavu k’abiyerekanye ejo ku murwa mkuru w’Ubufaransa, Paris, katewe ahanini n’amasanamu y’umuhungu w’umwirabure atunganya umuziki, yabonetse ariko akubitwa n’abapolisi b’Ubufaransa. Uwo mwirabure yitwa Michel Zecler yahohotewe mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG