Uko wahagera

Imyiyerekano y' Abanyekongo Baheruka Gutahukanwa Bavanwa Angola


Ikarata ya Kongo
Ikarata ya Kongo

Abanyekongo baherutse gutahuka bavanwa mu buhungiro muri Angola bazindutse mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico bise ubuzima bubi babayemwo.

Abakoze iyo myiyerekano ahitwa Kananga mu gisagara hagati bari bafise ikiziga ca mugenzi wabo bemeje ko yishwe n’inzara ivanze no gukanya cane kubera ukubura aho akika umusaya.

Uwuvugira abo bahoze mu buhungiro muri Angola yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP ati : " Kuva tugitahukanwa igenekerezo rya 18 ukwezi kwa munani mu 2019 ntitugira aho dukika umusaya n’ico dufungura."

Muri iyo myiyerekano bagirije Reta kuba yabatahukanye ibizeza kuzobafasha bakabaho neza ariko ntibishikane.

Igisata kijejwe uruja n’uruza rw’abantu muri Kongo cemeza ko kuva mu kwezi kw’umunani Abanyekongo bagera ku bihumbi cumi na bitatu ari bo bamaze gutahuka bava muri Angola iyo bari barahungiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG