Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abakeneye Impinduka Muri Aljeriya Irabandanya


Bamwe mu bakoze imyiyerekano
Bamwe mu bakoze imyiyerekano

Abanya Aljeriya ibihumbi n’ibihumbi bihereje amabarabara uno musi ku wa gatanu aho basaba ubuyobozi bushasha bugendera kuri demokarasi. Bahimbaza kandi intahe y’ukwikukira kw’igihugu cabo.

Mu gihe ingingo zikomeye zerekeye umutekano zari zafashwe, abantu ibihumbi n’ibihumbi bafise amabendera y’igihugu ku rutugu, mu mutwe no mu gikiriza baje ku murwa mukuru wa AlJeriya, Algers uno musi ku wa gatanu mu myiyerekano.

Mu bisanzwe uno musi wari umusi w’akaruhuko ugenewe guhimbaza intahe y’ukwikukira igihugu cabo caronse mu mwaka w’i 1962. Ni indwi igira iya 20 yikwirikiranya y’imyiyerekano yakuye ku butegetsi Prezida Abdelaziz Bouteflika mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka w’i 2019.

Abari mu myiyerekano bariko kandi berekana ishavu ryabo kw’ihagarikwa mu ndwi iheze ry’abantu batari bake berekana ibimenyetso vy’aba Berbere na Lakhdar Bouregaa, umusekombata w’ingwano y’ukwikukira kw’igihugu ca Algeriya.

Abategetsi bagirije abo bantu ko bariko bageramira ubumwe bw’igihugu mu guhimbaza akaranga kabo k’ubu Berbere. Bongeye bavuga ko Lakhdar Bouregaa afise imyaka 82 ariko aca inkokora igisirikare mu kunebagura umutegetsi mukuru w’igisirikare.

Mu myiyerekano y’uno musi ku wa gatanu, abategetsi barungitse igitigiri kinini cane c’abapolisi batse aba berbere amadarapo abaranga.

Abateguye iyo myiyerekano y’uno musi ku wa gatanu bizeye ko izoha inguvu nshasha umuhari wabo wiciyemwo ibice ku vyerekeye ukugene hoba ihinduka rirama mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG