Uko wahagera

Venezuela: Abantu Ibihumbi n'Ibihumbi Bakoze Imyiyerekano


Abantu Ibihumbi n'Ibihumbi mu myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Nicolas Maduro
Abantu Ibihumbi n'Ibihumbi mu myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Nicolas Maduro

Muri Venezuela, ukutumvikana kuri muri politike kwatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bakorokera mu mabarabara kur’uyu wa gatatu, kugira imyiyerekano.

Amashure amw’amwe n’amaduka vyari vyugaye mu gisagara ca Carcas, mu gihe abitavye akamo ko kwiyamiriza Prezida Nicolas Maduro, bari bihaye amabarabara bagana ibibanza bikomakomeye biri mur’ico gisagara.

Mu ndwi iheze, abajejwe gutunganya amatora bari biyamirije ako kamo. Ibintu bikaba vyagiye gukomera kur’uyu wa kabiri, aho abatavuga rumwe na Reta bitwariye Umukuru w’Igihugu, bavuga ko yarenze Ibwirizwa Shingiro.

Iyo myiyerekano ibaye iya mbere aho muri Venezuela, yitabiwe n’abantu isinzi, kuva itariki ya mbere y’Ukwezi kw’icenda, aho bamwe mu banyagihugu bari bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Nicolas Maduro.

XS
SM
MD
LG