Uko wahagera

Imyiyerekano mu Gihugu ca Guinee Ku Vyerekeye Amatora y’Abashingamateka


Amatora y’abashingamateka ya nyuma yabaye mu gihugu ca Guinee mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2002, ku ntwaro ya prezida Lansana Conte.

Igipolisi mu gihugu ca Guinee, carakoresheje imyuka ibabaza mu maso n’inembo kugira gishwiragize abari mu myiyerekano bariko basaba Reta kugirisha amatora y’abashingamateka yatebeshejwe mu kiringo kitari gito.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, yatangaje kw’ugutana mu mitwe hagati y’igipoisi n’abari mu myiyerekano kwabaye ejo ku musi wa kane mu gihe abari mu myiyerekano bagerageje gukorana kugira batere baja ku kibuga kiri ku murwa mukuru w’igihugu ca Guinee, Conakry.

Uwo mumenyeshamakuru yavuze kw’abari mu myiyerekano batewe kandi n’imikangara ishigikiye prezida Alpha Conde.

Abantu cumi na batanu canke barenga barakomeretse.

Amatora yari ategekanijwe kuba kw’italiiki umunani z’ukwezi kw’indwi, yamara prezida Conde yarayasibishije mu kwezi guheze, mu kuvuga habaye ibibazo vy’uburyo bw’ukwandika abatora.

Amatora y’abashingamateka ya nyuma yabaye mu gihugu ca Guinee mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2002, ku ntwaro ya prezida Lansana Conte.

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ryahagaritse infashanyo igenewe igihugu ca Guinee inyuma ya coup d’etat y’igisirikare mu mwaka w’2008, ryamenyesheje kw’amatora ategerezwa kuba imbere yuko risubira kubandanya imigambi yerekeye infashanyo.

XS
SM
MD
LG