Inama nshingamateka y’Uburundi yaraye yemeje ko Imyaka yo gukukuruka mu Burundi ku bakozi ba reta y’Uburundi igiye kuba 65 ikava kuri 60. Iyo ntegurio y’itegeko yemejwe ijana kw’ijana. Abakozi ba reta bamwe bakaba bashima abandi bakabona ko abakuze bariko bikwegerako
Integuro y’itegeko isubiramwo igitabu kigenga akazi mu Burundi ni yo yakoranije abashingamateka b’Uburundi kuri uno wa kane kugira bayige, iyari ihasanzwe ikaba ari iyo mu mu mwaka 1993. Domina Banyankibona, umushikiranganji w’abakozi n’akazi yasiguriye abashingamateka ko ivyahindutse ari vyinshi kuva ico gihe. Kimwe rero mu vyafashe umwanya utari muto w’abashingamateka n’imyaka yo gukukuruka igiye kuba 65 aho yahora ari 60.
Abashingamateka bahanahanye ivyiyunviro bamwe bakabona ko iyo myaka yategerezwa kuguma ari 60 kugira abakiri bato nabo bashobore kuronka akazi, abageze mu za bukuru baruhuke. Impande yabo bipfuza ko iyo myaka yoguma ari 60, umushingamateka Sabine Ntakarutimana icegera ca mbere c’uwurongoye inama nshingamateka yabajije umushikiranganji ikigiye gukorwa ku bakozi ba reta bamaze kuronswa amakete yo gukukuruka.
Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yamwishuye ahumuriza mwene abo bakozi ko itegeko rigiye mu ngiro rica ritangura gukora. Mwomenya ko abazokukuruka mu Burundi, umukuru w’igihugu yamenyesheje igihe yarahirira amabanga yo kurongora Uburundi ko bagiye kuzohora bahabwa umushahara wababa uwo bahora baronka bakiri mu kazi kandi bakavuzwa ku buntu.
Facebook Forum