Uko wahagera

Imyaka 20 Ambassade za Amerika muri Kenya na Tanzaniya Zitewe


Umwe mu Banyekenya mu kibaza cakorewemwo igitero
Umwe mu Banyekenya mu kibaza cakorewemwo igitero

Abanyekenya n'Abanyetanzaniya bariko bibutse imyaka 20 iheze umuhari w'iterabwoba al-Qaida ukoze ibitero ku buserukizi bwa Amerika muri ivyo bihugu.

Ivyo bitero vyo mu mwaka w'1998 vyahitanye abagera ku 250 bikomeretsa abagera ku 5000 nivyo bitero vya mbere bikomeye vyagabwe na al-Qaida ku matungo ya Amerika.

Robert Godee aserukira Amerika muri Kenya mw'ijambo ryiwe yavuze ko ivyo bitero ata kindi vyari bigamije atari ukuryanisha Abanyamerika n'Abanyekenya.

Umwe mu banyakenya barokotse ivyo bitero yavuze ko amajana n’amajana mubo barokokanye bakirindiriye agashumbusho bahabwa na Amerika.

Igitero cakozwe kuri ambasade ya Amerika i Nairobi cahitanye abarenga 200 harimwo abanyamerika 12 n’umunyarwanda umwe, icakozwe kuri ambasade ya Amerika i Dar Es Salaam muri Tanzaniya naco ku masaha amwe y’isaha zine z’igitondo gihitana 11.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG