Uko wahagera

Imvura y'Isegenya Yahitanye Abagera kuri 26 muri Uganda


Agace ka Magoro kari mu kabangamiwe n'imvura
Agace ka Magoro kari mu kabangamiwe n'imvura

Mu gihugu ca Uganda abantu 26 bahitanywe n’amazi y’imyuzure avuye ku mvura y’isegenya yaguye mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare Croix Rouge ryatangaje ayo makuru, rivuga kandi ko abategetsi bateye akamo abanyagihugu kabasaba kwimuka, bakava mu bice vyose vyatewe n’amazi y’imyuzure.

Mu gisagara ca Bundibugyo, abantu 17 ni bo bahitanywe n’amazi, mu gihe abandi icenda bapfuye, baba mu mitumba yo mu bisagara vya Sironko na Bududa biri mu buseruko bw’igihugu, aho imivo iriko irasenyuka ishobora guhitana amatungo yose y’abanyagihugu, nk’uko bitanganzwa na Irene Nakasiita, umuvugzi w’ishirahamwe Croix Rouge mu gihugu ca Uganda.

Abategetsi bo mu gihugu ca Uganda baremeza ko amazi y’imyuzure hamwe n’imvura y’iseganya bigeramiye abanyagihugu, kandi batangaje ko imfashanyo yo kugarukira abanyagihugu bari mur’ayo makuba, iriko irihutishwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG