Uko wahagera

Imvura y'Isegenya Yahitanye 13 Ikomeretsa 2 mu Rwanda


Imwe m u mazu yo mu karere ka Rusizi inyuma y'imvura yo mu kwa cumi na kabiri

Abantu 10 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'imvura y'isegenya yaguye kuri uno wa Mungu mu mihingo itandukanye y'u Rwanda.

Abenshi mu bapfuye babarizwa mu mugi wa Kigali, ahagaragaye umuryango w’abantu barindwi batwawe n’umuvu w’imvura mu karere ka Gasabo mu murenge wa Jali.

Ikigo c'igihugu kijejwe ubumenyi bw'ikirere gisaba abanyagihugu gukomeza bakitwararika, abatuye mu manegeka bakimuka kuko ino mvura itararangira.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Assumpta Kaboyi

Imvura y'Isegenya Yahitanye 13 Ikomeretsa 2 mu Rwanda
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:26 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG