Uko wahagera

Impunzi Ziri mu Nkambi ya Mtendeli Zirahugurirwa Kwikingiza Covid 19


Inyuma y’imisi mike Tanzaniya itangaje ko yipfuza kwinjira muri gahunda ya COVAX wo gusaranganya incanco za Covid 19, impunzi z’Abarundi zahungiye muri iki gihugu mu nkambi ya Mtendeli zitanguye kwigishwa uburyo bwo kwikinga umugera corona.

Mu kwezi kwa kane k’umwaka uheze Tanzaniya yarahagaritse gutangaza ibitigiri by’abandura uwo mugera hamwe n’imigambi yose ijanye no kwikingira uwo mugera yakorwa na reta hamwe n’amashirahamwe yigenga.

Inyuma y’urupfu rwa nyakwigendera John Pombe Magufuri yari umukuru w'igihugu, Perezida mushasha Samia Suluhu Hassan atanguye guhindura umukenyuro kuri ico kiza, amashirahamwe afasha impunzi na yo atanguye gutanga inyigisho ku mpunzi inyuma yaho vyari vyahagaze kuva mu mwaka uheze.

Umunyamakuru w'ijwi ry'Amerika James Jovin uri muri Tanzaniya yabikurikiranye arabitugezaho muri iyi nkuru yuzuye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:49 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG