Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo butangaza ko abantu 27 bapfuye inyuma y’uko imodoka ya bisi isekaniye n’ikamyo mu burengero bw’umurwa mukuru, Kinshasa.
Dr. Sylvain Yuma umutegetsi muri ubwo bushikiranganji yavuze ko iyo mpanuka yabaye mw’ijoro ryo ku musi wa mbere rishira uwa kabiri, rishobora kuba ryatewe n'umuvuduko urengeye urugero.
Iryo sanganya ryabereye ahitwa Kisantu, hafi y’ibirometero 200 mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Kinshasa.
Igisagara ca Kisantu kiri ko ibarabara rikuru riri hagati y’umurwa mukuru n’ikivuko ca Matadi, kiri kw’ibahari Atlantike.
Dr. Sylvain Yuma avuga ko abantu ari bo 17 bakomerekeye muri iyo nsanganya, batandatu muri abo bakaba baremvye.
Facebook Forum