Uko wahagera

Ibitero y'Amabombe Vyongeye Kwaduka muri Afuganistani


Bombe yatezwe mw’ibarabara muri Afugansitani yahitanye abasivile 7. Iyi bombe yaturikije ikamyo yarimwo abakozi mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere mu gisagara ca Khan Abad, mu ntara ya Kunduz kiri mu buraruko bw’ico gihugu.

Nta muhari uravyiyitirira, ariko umuvugizi w’iyo ntara, Esmatullah Muradi, atunga urutoke Abatalibani. Uwo mutegetsi avuga kandi ko babiri muri batandatu bakomeretse ari indembe.

Ibitero muri Afuganistani vyari vyaragabanutse, kuva kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatanu igihe Abatalibani batangaza agahengwe k’iminsi itatu bahimbaza irangira ry’amafungo ya Eid al-Fitr.

Ejo ku wa mbere nyene, umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika Mike Pompeo, adahengeshanya gusaba ko ibiganiro vy’amahoro bitangura, yaraganiriye n’abategetsi b’Afuganistani barimwo Perezida Ashraf Ghani n’icegera ciwe ca mbere Amrullah Saleh.

Pompeo yabemereye ko Amerika izobaba hafi mu kubafasha muri ivyo biganiro bigamije kuzana ituze mu gihugu cabo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG