Uko wahagera

Imikino ya Olempike Ishobora Kutazoba mu 2021


Kentaro Iwata, umuhinga mu bijanye n’indwara ziterwa n’imigera yagabishije uno musi ku wa mbere ko ata mwizero afise ko inkino mpuzamakungu za Olempike zigijweyo gushika mu mwaka w’i 2021 zizoshobora kuba no muri uyo mwaka.

Izo nkino zari zitegekanijwe kuba hagati y’italiki 24 y’ukwezi kw’indwi n’italiki 9 y’ukwezi kw’umunani muri uyu mwaka w’i 2020. Zigijweyo mu kiringo c’umwaka bivuye ku kiza c’umugera wa Corona.

Kentaro Iwata yigisha ivyerekeye indwara ziterwa n’imigera kuri kaminuza ya Kobe ntiyibaza ko izo nkino zizoshobora kuba mu mwaka uza.

Iwata yaranebaguye ukugene Ubuyapani bwishuye ku kiza c’umugera wa Corona. Avuga ko vyotegerezwa gusaba ko ikiza c’umugera wa Corona kirangira mu gihugu no mu makungu kugira inkino mpuzamakungu za Olempike zishobore kuba. Ivyo kubera Ubuyapani buzotegerezwa gutumira abanonotsi bavuye mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Iwata afise umwizero ko Ubuyapani bushobora kuzoba bwahagaritse ikiza c’umugera wa Corona mu gihe c’ici co mu mwaka uza w’i 2021. Yamara ntiyibaza ko ibintu nk'ivyo bishobora kuzoba mu bindi bice vyo kw’isi muri ico gihe.

Atangaza ko ariyo mpamvu ata mwizero afise na gato ko igihugu ciwe kizokwakira inkino mpuzamakungu za Olempike zo mu mwaka w’i 2021.

Abona ko zishobora kuba ico gihe hari ibintu bihinduwe nk’ibitigiri bigereranye vy’abanonotsi bazigizemwo uruhara kandi ata barorerezi bahari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG