Uko wahagera

Ikoraniro Ryo Kwibuka Ubwicanyi Bwabaye Mu Burundi Mu 1972, Ryabereye I Montreal


Regine Cirondeye
Regine Cirondeye

Kw’igenekerezo rya 3 ry’ukwezi kwa gatanu mur’uyu mwaka w’2014, abarundi baba mu gihugu ca Canada, baratunganije ikoraniro ryo kwibuka ubwicanyi bukabije bwabaye mu mwaka w’1992.

Iryo koraniro ryarangiye hashikirijwe ibintu bitari bike bisabwa, birimwo kw’abaguye mur’ubwo bwicanyi busubizwa umutamana, maze aho kuvuga ko bar’amamenja, vyemerwe ko bishwe bahowe ubwoko bwabo.

Abantunganije iryo koraniro barasavye kandi kw’amakungu hamwe n’abarundi bemera kw’ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972, bwar’ihonyabwoko.

Barasvye kandi kw’abaguye mur’ubwo bwicanyi bubakirwa icicaro.
Twaratumiye bamwe mu bantu bashikirije ayo majambo hamwe n’abari bahishikiye ku giti c’abarorerezi:

Mur’iki kiganiro mushobora kwumviriza ambassaderi Jean-Marie Vianey Ndagijimana, ari mu bantu bashikirije amajambo ku vyerekeye ivyo babonye mu Burundi mu mwaka w’1972; Venant Ntabona, ari bantunganije iryo koraniro, hamwe na Regine Cirondeye, yakwirikiranye iryo koraniro:
please wait

No media source currently available

0:00 0:32:06 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG