Uko wahagera

Ikirunga Cahitanye Amazu Atari Make yo mu Mazinga ya Esipanye


Ikirunga caciriye imiriro mu mazinga ya Canaries yegukira igihugu ca Esipanye
Ikirunga caciriye imiriro mu mazinga ya Canaries yegukira igihugu ca Esipanye

Ikirunga caciriye imiriro mu mazinga ya Canaries yegukira igihugu ca Espanye carahitanye amazu atari make. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakuwe mu bice babamwo ico kirunga cadukiyemwo. Ico kirunga catanguye gucira imiriro ku musi w’Imana kuri rimwe mu mazinga ya Canaries yitwa, La Palma, cahitanye amazu agera kw’ijana mu gihe ingendo z’indege zahagaritswe.

Ico kirunga cabandanije gucira imiriro uno musi ku wa mbere. Abategetsi bamenyesha ko bamaze kwimura mu mihana yabo abantu bagera ku 5000. Abategetsi b’amazinga ya Canaries bavuga ko bariko barasuzuma ivyononywe n’ico kirunga bizeye ko atabahasize ubuzima.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Esipanye, Predro Sanchez, yashitse mu mazinga ya Canaries uno musi ku wa mbere inyuma y’uko ahagaritse urugendo rwiwe mu gisagara ca New York mw’ikoraniro rusangi ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umushikiranganji ajejwe ingenzi muri Esipanye, Reyes Maroto, yatangaje uno musi ko ata kibazo kihari ku ngenzi zishaka kuyagendera. Yamara ingenzi zigera ku 360 zakuwe kw’izinga rya La Palma inyuma y’uko ikirunga gitanguye gucira imiriro. Bajanywe n’ubwato kw’izinga riri hafi y'aho rya Tenerife uno musi ku wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG