Uko wahagera

"Ikinyarwanda Caramize Ikirundi mu Barundi Bahungiye mu Rwanda"


Igitabo canditswe na Patience David Mbonabuca
Igitabo canditswe na Patience David Mbonabuca

Hasohotse igitabo muri Kaminuza nkuru y’u Rwanda cerekana ko ururimi rw’Ikinyarwanda rwamize urw’Ikirundi mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda. Umutwe w’ico gitabo ni “Inkomezi Ikinyarwanda gifise mu kumira Ikirundi”.

Patience David Mbonabuca, yiga mu gice ca kabiri mu ndimi muri Kaminuza nkuru y’u Rwanda, yanditse ico gitabo asigura ko abenshi baheba Ikirundi bitabavuyeko ahubwo biterwa n’ubuzi n’imibereho barimwo. Ico bikoze, ashimangira ko guheba ururimi kavukire canke kutaruvuga neza ari uguta imico n’akaranga.

Ibi birashimangirwa n’abahinga bafashe umugambi wo kwigisha imico n’akaranga k’Ikirundi mu Rwanda. Yamara, bamwe mu bavyeyi bafise abana biga, babona ko bitoroshe ko umwana aguma avuga Ikirundi cuzuye kandi batari mu gihugu cabo.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

" Inkomezi Ikinyarwanda gifise mu kumira Ikirundi”
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:55 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG