Uko wahagera

Ikinogo Cahambwemwo Abagera ku 200 Cavumbuwe muri Etiyopiya


Ikarata y'imicungararo yavumbuwemwo ikinogo rusangi
Ikarata y'imicungararo yavumbuwemwo ikinogo rusangi

Iradiyo y'igihugu ca Etiyopiya yatangaje ko abapolisi batoye ikinogo cahambwemwo abantu 200 ku rubibe ruri hagati y’intara ya Oromiya na Somali, zirangwamwo umutekano muke.

Ico kinogo rusangi catowe igihe hariko harakorwa itohoza ku vyaha vy’irtyozwa ry’agateka ka zina muntu, vyagirizwa umukuru w’igisagara co mu ntara yitwa Somali.

Abdi Moahamed Omer yategezwe gutanga imihoho kw’ingekerezo rya 6 ry’ukwezi kw’umunani, aca ahagarikwa mu ndwi zakwirikiye, inyuma y’aho hadukiye ubwicanyi ku murwa mukuru w’iyo ntara.

Amashirahamwe ajejwe kwitaho agateka ka zina muntu arega uyo utegetsi ko yama yakubaguye abanyagihugu. Yamara abantu bavyiboneye bavuga ko yarungitse imirwi y’abitwaje ibigwanisho gutera abasivile bo mu ntara ya Oromiya mu kwezi kw’icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG