Uko wahagera

Ikibombe catewe I Mogadishu, Carahitanye ubuzima bw’Abakuru Bajejwe Sport na Athletism


Abagwanyi bo mu murwi al-Shabab, batangaje kw’aribo bakoze igitero c’umwiyahuzi ku murwa mukuru Mogadishu ejo ku musi wa gatatu, cahitanye ubuzima bw’abantu umunani, barimwo abategetsi barongoye amashirahamwe y’umupira w’amaguru na Atletism.

Ico gitero cabereye ku nyubakwa nshasha iberamwo imikino, yaheruka gusubira kwinjirwa ku murwa mukuru Mogadishu; inyubakwa yabonwa nk’icibutso c’igihugu ca Somalia kirimwo umutekano n’amahoro, inyuma y’imyaka irenga mirongobiri, camaze mu kajagari.

Abategetsi bavuga kw’umukenyezi w’umwiyahuzi yiturikirijeko bombe, igihe umushikiranganji wa mbere, Abdiweli Mohamed Ali, yariko arashikiriza ijambo isinzi ry’abantu, bariko barahimbaza umwaka urangiye, habonetse television y’igihugu.

Mu nyuma, uyo mushikiranganji wa mbere, yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’umukenyezi, ariwe yakoze ico gitero, avuga kw’ar’igitero c’iterabwoba catunganijwe n’umurwi al-Shabab.

XS
SM
MD
LG