Uko wahagera

Afuganistani: Umwiyahuzi w'umu Talibani Yishe abantu Batanu


Ahajeje kubera igitero c'abayahuzi, muri Afuganistani
Ahajeje kubera igitero c'abayahuzi, muri Afuganistani

Muri Afuganistani, mu gisagara ca Bagram, kiri mu buraruko bwa Kaboul, umwiyahuzi yikekwa kuba ar’umunywanyi w’umugwi w’aba talibani yiturikijeko iki bombe, hagati mw’ikambi ry’abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Nkuko vyatangajwe n’Umushikiranganji wa Amerika, ajejwe umutekano, Ash Carter, ico gitero cabaye mu gitondo co kur’uyu wa gatandatu, cahitanye abasirikare babiri, n’abakozi babiri ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n’umusirikare aturuka mu gihugu ca Pologne.

Ibimenyeshamakuru bikorera aho muri Afuganistani bivuga ko ico gitero cabereye iruhande y’inzu basanzwe bafunguriramwo. Uwo mwiyahuzi akaba yaje yiyoberanije, yambaye nk’umwubatsi.

XS
SM
MD
LG