Uko wahagera

Igitero c’Intangondwa muri Mali Cahitanye Abarenga 40


Ingabo za Mali
Ingabo za Mali

Ubwo bwicanyi bwabereye mu karere ko ku mbibe igihugu ca Mali gisangiye na Nijeri hamwe na Burkina Faso, kagwiriyemwo intagondwa zikorana n’umurwi wa kiyislamu.

Abakoze ivyo bitero biyise Abajihadi, igihe bashika mu bisagara vya Ouatagouna na Karou ejo ku musi wa mungu, nk’uko vyatangajwe n’umwe mu bategetsi bo muri ivyo bisagara, Oumar Cisse.

Itororokanyirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, AP, rivuga ko benshi mu bantu basize ubuzima bari bahagaze imbere y’amazu yabo, mu gihe abandi bari bagiye ku musigiti gusenga.

Abasivile bo mu bisagara biri hafi y’urubibe Mali gisangiye na Nijeri, nabo nyene bagize imisi baterwa. Kuva mu kwezi kwa mbere, abarenga amajana n’amajana baramaze kwicwa. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG