Uko wahagera

Igitero c'Abatalibani Cahitanye Abapolisi 11 muri Afuganistani


Kamwe mu karere kigeze kugabwamwo igitero n'Abatalibani
Kamwe mu karere kigeze kugabwamwo igitero n'Abatalibani

Abategetsi muri Afuganistani batangaje ko n’imiburiburi abapolisi b’igihugu 11 baguye mu gitero c’abatalibani, abarenga cumi nabo baranyuruzwa.

Ico gitero cagabwe n’abatalibani bagera ku 400 bari ku pikipiki kuri kimwe mu birindiro vya polisi binini giherereye mu buraruko bwa Afuganistani nkuko abategetsi bavyemeza.

Umuvugizi wa polisi y’akarere ka Balkh kagabwemwo ico gitero yavuze ko abatalibani batari bake nabo baguye muri ico gitero. Mu itangazo abatalibani basohoye bemeje ko ari bo bagenzura ako karere.

Igitero co kuri uno wa kabiri kibaye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo ku wa gatandatu. Ni amatora Abatalibani bari bavuze ko bazodurumbanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG