Uko wahagera

Igisirikare ca Uganda Catanye mu Mitwe n'Ica Sudani y'Ubumanuko


Ikarata ya Sudani na Uganda
Ikarata ya Sudani na Uganda

Igisirikare c'igihugu ca Sudani yo mu bumanuko n'igisirikare ca Uganda vyemeje ko inteko zavyo zatanye mu mitwe hafi y'urubibe ivyo bihugu bihana.

Igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko cagiriza ica Uganda ko cinjiye ku butaka bwaco mu vyatumye haba ugutana mu mitwe hagati y’izo mpande zibiri. Sudani yo mu bumanuko ivuga ko abasirikare bayo 2 bishwe.

Igisirikare ca Uganda kiremeza ko ukwo gutana mu mitwe kwabaye. Yamara kimenyesha ko kwabereye ku butaka bwa Uganda. Sudani yo mu bumanuko ivuga ko igisirikare ca Uganda cajabutse urubibe citwaje ibirwanisho bikomeye ku musi wa kabiri mu gice citwa Magwi mu buseruko bwa Reta ya Equateur yo mu buseruko. Imenyesha ko ico gitero catumye igitigiri gitoyi c’abasirikare bayo bari muri ico gice bahava.

Ivuga ko igisirikare cayo cashoboye gusubira kwigarurira ico gice, ko yamara umusurikare umwe waco yafashwe. Igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko camemyesheje ko imigenderanire yaco n’igisirikare ca Uganda ibandanya kuba myiza. Yamara umuvugizi waco, Lul Ruai avuga ko babajwe n’inyifato inteko za Uganda ziherutse kwerekana.

Amenyesha ko n’igisirikare ca Uganda catakaje abantu. Yongeye yagiriza inteko za Uganda ko zishe abandi basirikare batari bake b’igihugu ciwe mu guhangana kwabaye incuro zibiri mu ntango z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG