Umukuru w’ishirahamwe ry’abarovyi mu karere ka Kyavinyonge kari muri Kongo, Jonas Kataliko, yagiriza abasirikare barwanira mu mazi muri Uganda kurengera akarimbi abarovyi ba Kongo baroba mu kiyaga Edouard gisangiwe n'ivyo bihugu.
Jonas Kataliko yavuze ko ivyo gufata abarovyi ba Kongo muri ico kiyaga bisa nk'ivyacitse ubucuruzi bukomeye. Kataliko asigura ko abafashwe batangishwa amafaranga atari make kugira barekurwe, baramutse banse bagatabwa mu mvuto.
Ivyo abivuze inyuma y'aho kuri uno wa kane, abarovyi 92 b’Abanyekongo aribo batawe mu mvuto.
Ukutumvikana gushingiye ahanini ku matungo ntanganguvu ari mu kiyaga Edouard hagati y'ivyo bihugu bibiri kwatumye ugutana mu mitwe kwiyongera hagati y'abarovyi n'abasirikare barwanira mu mazi.
Mu gihe amato agera ku 20 n'amamoteri 25 y'abarovyi ba Kongo ariyo ari mu minwe y'abasirikare ba Uganda, hari umurwi w'Abanyekongo uriko ugirirana ibiganiro n'Abaganda kugira icuka kibi kiri hagati y'ivyo bihugu bibiri gitosorwe.
Facebook Forum