Uko wahagera

Icuka Hagati ya Austrariya na Serebiya Kubera Ikibazo ca Djokovic


Umukinyi Novak Djokovic akomoka muri Serebiya
Umukinyi Novak Djokovic akomoka muri Serebiya

Ikibazo c'umukinyi rurangiranwa mu rukino rwa tennis, Novak Djokovic ku bijanye n'impapuro z'inzira ziwe bita, "visa" mu rurirmi rw'igifransa yasavye kugira yinjire muri Australiya cagize ingaruka mbi ku mpande zose. Hari inyuma yuko abategetsi b’ico gihugu bafuse visa yiwe bifatiye ku mpamvu z’uko yinjiye mu gihugu aticandagishije Covid-19.

Ishirahamwe ry’abagize umwuga gukina urukino rwa tenisi kw’isi, ATP, ryasavye ko ibintu bosobanuka kurushiriza ku bijanye n’amategeko arekurira kwinjira mu gihugu ca Australiya. Ryasavye abakinyi bagize gukina tenisi umwuga kwicandagisha Covid-19.

Djokovic yavuye mw’ihoteri ipfungirwamwo abinjiye mu gihugu mu buryo budakwirikije amategeko ku musi wa mbere. Hari inyuma yuko sentare ikuyeho ingingo abategetsi bari bafashe y’ugufuta visa yiwe. Yamara umushikiranganji ajejwe abantu binjira mu gihugu, Alex Hawke, aracafise ububasha bw’ugusubira gufuta visa yiwe akamwirukana mu gihugu bifatiye ku mpamvu z’uko aticandagishije Covid-19. Umuvugizi wa reta atangaza ko akiriko arihweza neza ico kibazo.

Ishirahamwe ATP ritangaza ko ata caha Djokovic yakoze, ko ikintu ashaka conyene ari ugukina tennis. Iryo shirahamwe rimenyesha ko igihe Djokovic yaja mu gisagara ca Melbourne yabona ko abategetsi ba Australiya bamuhaye uburengenzira bukenewe bifatiye ku mpamvu z’amagara yiwe bw’ukwinjira mu gihugu mu buryo bwubahirije amategeko.

Rimenyesha ko ivyabaye imbere y’uko sentare imvumviriza ku musi wa mbere vyagize ingaruka mbi ku mpande zose, harimwo amagara yiwe hamwe n’ugushobora kwitegurira ihiganwa rikomeye rya tenisi rya Australian Open rizotangura kw’italiki 17 z’uku kwezi kwa mbere.

Djokovic aracafise ibindi bibazo agikeneye kwishura ku vyo yatangaje igihe yasaba kwinjira muri Australiya. Ni ibibazo abantu bose barondera kwinjira muri ico gihugu bategerezwa kwuzuza imisi 3 gushika ku misi 7 imbere yuko bashika muri ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Serbia, Anna Brnabic yaravuganye na mugenzi we wa Australiya, Scott Morrison, kw’itelefone ku musi wa mbere. Yashimikiye ku vy’uko Djokovic akeneye kwitegurira ihiganwa rya Australian Open mu buryo bwiza. Yamara nta ruhande na rumwe rwagize ico ruvuze ku vy’uko niba bigishoboka ko yirukanwa mu gihugu. (AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG