Uko wahagera

Ibitigiri vy'Abashigikiye Guhabwa Urucanco rwa Covid-19 Vyiyongereye


Umwe mu banyagihugu ariko candarwa ikiza ca Covid-19
Umwe mu banyagihugu ariko candarwa ikiza ca Covid-19

Ivyirwa biheruka gukorwa n'ikigo mpuzamakungu, Kekst CNC, gikorera mu gisata co guhanahana amakuru vyerekana ko ibitigiri vy'abashigikiye urucanco rwa Covid-19 vyiyongereye ugereranije n'uko vyari mu 2020.

Ivyirwa vy’ ico kigo vyakozwe mu bihugu bitandatu: Reta Zunze Ubumwe z’Amerika,Ubufaransa, Ubudagi,Ubwongereza, Ubuyapani na Suwede. Ubwongereza buza imbere mu gushigikira urucanco rwa Covid-19: Mu kwezi kw’icendako mu mwaka uheze, ku babajijwe, 65% bari barushigikiye, ubu abarushigikiye bageze ku 89%.

Mu Bufaransa, 59% vy’ababajiwe bavuze ko bazoruhabwa canke baruhawe, mu gihe abari bavuze ko bashigikiye urwo rucanco mu kwa cumi na kabiri ko mu 2020 muri ico gihugu bari ibice 40% vy’ababajijwe. Muri Suwede ibitigiri vyariyongereye biboneka: Mu kwezi kw’icenda ko mu mwaka uheze, bari ibice 51% , ariko ubu abavuga ko biteguriye gucandarwa ni ibice 76%.

Naho biri uko, abenshi mu babajijwe bavuga ko batizeye ko urwo rucanco ruzoshobora gushikira bose vyihuse nkuko bavyifuza: Batatu kuri bane mu babajijwe mu Bwongereza barizeye ko bizokwihuta ko baruhabwa, 32% ni bo bonyene bizera ko bazoruhabwa vyihuse muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, 22% mu Bufaransa, na 20% muri Suwede.

Ikindi, ku babajijwe ikibazo co kumenya niba ku bwabwo hobanza gutangwa incanco canke kunagura ubutunzi bwasinzikajwe n’ikiza ca Corona, abenshi bishuye ko bipfuza ubwa mbere ko abantu babanza gukingirwa, ivyo kunagura ubutunzi bikaza inyuma.

Ivyigwa vy'ikigo mpuzamakungu, Kekst CNC, gikorera mu gisata co guhanahana amakuru cakozwe mu kwezi kwa kabiri mu bihugu bitandatu, aho ababajijwe mu gihugu kimwe kimwe bari igihumbi

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG