Uko wahagera

Ibitero vy'Abatalibani muri Afuganistani Vyahitanye Abasirikare 11


Reta ya Afuganistani yatangaje ko ibitero vyakozwe n’Abatalibani vyahitanye abajejwe umutekano 11.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi yavuze ko ivyo bitero vyabereye mu buraruko bw’igihugu uyu munsi ku wa mbere. Gushika ubu, Abatalibani ntibaratangaza ko ari bo bakoze ico gitero.

Ubwo bwicanyi bubaye inyuma y’aho mu ndwi iheze Perezida Ashraf Ghani ageneye umurwi w’abategetsi 21 ujejwe guserukira igihugu mu biganiro n’Abatalibani, bifise umugambi wo kurondera amahoro.

Umunyapolitike adacana uwaka na reta ya Afuganistani, Abdullah Abdullah, yaciye yiyamiriza uyo murwi, avuga ko utarimwo bose.

Nk’uku ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwabitangaje, abo bagwanyi bakoze ibitero ku birindiro vy’abasirikare biri mu karere ka Argandab, mu bumanuko bw’intara ya Zabul ejo ku musi wa mungu mw’ijoro, aho bishe abasirikare batandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG