Uko wahagera

Somaliya: Ikibombe Cyahitanye Abarenga 15


Inzu yashenywe na bombe
Inzu yashenywe na bombe

Mu gihugu ca Somaliya, abantu bashika cumi nibo bapfuye bahitanywe n’ibibombe bibiri vyagavye n’umugwi w’iterabwoba wa al-Shabab kumugwa mukuru, Mogadishu, ejo kuwa gatanu. Abar’aho iryo bara ryabereye bamenyesha ko ikamyo itezwemwo ibisasu yaturitse igeze kurwinjiriro rw’ihoteri yitwa Youth League mugihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itanu z’umugoroba mu masaha yo muri Somaliya.

Ministre wa Somaliya ajejwe umutekano Abdirizak Omar Mohamed amenyesha ko batanu mu bagize inzego z’umutekano bahasize ubuzima. Amenyesha kandi ko abajejwe umutekano hamwe n’abari basanzwe bacungereye iyo hoteli barashe bica abarwanyi batatu imbere yuko bashika kur’iyo hoteli. Umushoferi mur’abo bihevyi nawe nyene camuhitanye. Abashika 30 barakomereka.

Iyo Hoteli ico gitero cabereyeko iri hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu ikaba kandi ikunda kugenderwa n’abategetsi ba reta ya Somaliya. Umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab wiyemereye ko ariwo wagavye ivyo bitero. Abarwanyi b’uwo muhari wama wagavye ibitero muri Somaliya kubategetsi ba reta no kubasirikare b’ubumwe bwa Afrika bari mur’ico gihugu kugarukana amahoro.

XS
SM
MD
LG