Uko wahagera

Abajejwe gutabara muri Kenya bari mu bikorwa vyo kurondera indege y'ishirahamwe "East African Safari Air Express” yazimiye ku mugoroba w'uno wa kabiri.

Iyo ndege yarimwo ingezi umunani n'abakora muri yo babiri, yahagurutse mu gasagara kitwa Kitale gaherereye mu burengerazuba bwa Kenya yerekeza ku murwa mukuru Nairobi saa kumi, iza kuzimangana ku vyuma vya Radar mu ma saa kumi n'imwe.

Mu gihe abariko bakora ibikorwa vyo kurondera iyo ndege batangaje ko batariko baroroherwa kuko Kenya iri mu bihe vy'imvura nyinshi, umwiheburo ni mwinshi mu miryango y'abari muri iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG