Uko wahagera

Ibihugu Bigize G-20 Birashaka Kwihutisha Itangwa ry'Inkongo za Covid 19


Perezida w'Amerika Joe Biden n'umutambukanyi we Jill Biden bashitse i Roma mu Butaliyani uno munsi taliki 29/10/2021 mu nama ya G-20
Perezida w'Amerika Joe Biden n'umutambukanyi we Jill Biden bashitse i Roma mu Butaliyani uno munsi taliki 29/10/2021 mu nama ya G-20

Ibihugu bigize umurwi w’ibihgu bikize G-20 vyipfuza ko ibice 70 kw'ijana vy'abantu baba kw'isi baba bakingiwe ikiza ca Covid-19 mu mwaka w'i 2022.

Abashikiranganji bajejwe ikigega n’abajejwe amagara y’abantu bava mu bihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw’isi bigize umurwi G-20 batangaje uwo mugambi uno musi ku wa gatanu. Bashizeho kandi umurwi ujejwe kurwanya kurushiriza ikiza ca Covid-19.

Mw’itangazo basohoye, batangaje ko bashaka kuba bakingiye ibice 40 kw’ijana vy’abantu bava mu bihugu vyose vyo kw’isi mu mpera y’uyu mwaka w’i 2021, n’ibice 70 kw’ijana bitarenze hagati y’umwaka w’i 2022. Batangaza ko bazotafa ingingo zigenewe kwongereza gutanga incanco hamwe n’ibindi bijanye n’amagara y’abantu bikenewe cane mu bihugu biri mu nzira y’amajambere.

Abo bashikiranganji bashizeho kandi umurwi ugenewe gukomeza ibiganiro n’ugukorana hagati y’ibihugu vyo mu makungu ku bibazo vyerekeye kwitegurira no kwishura ku bijanye n’ikiza ca Covid-19, hamwe no gukorana hagati y’ubushikiranganji bujejwe ikigega n’ubujejwe amagara y’abantu.

Bamenyesha ko bashizeho uwo murwi mushasha kubera ikiza ca Covid-19 cerekanye utunenge dukomeye ku vyerekeye ububasha bw’amakungu bwo gukorera hamwe mu gutuza ikiza ca Covid-19.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG