Uko wahagera

Ibiganiro vyo Kugarukana Ituze muri Mali Vyongeye Gutangura


Ibiganiro vyasubiye kubandanya muri Mali mu gihe ibibazo vya politike bitera bikomera kurushiriza muri ico gihugu. Abahuza bo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero bari muri Mali uno musi ku wa kane kwongereza utwigoro twabo mu gufasha gutorera inyishu ivyo bibazo vya politike.

Abategetsi b’ibihugu 3 vyo muri Afrika yo mu burengero bahuye mu gihe abatavuga rumwe na Reta muri Mali basubiye gusaba ko Prezida Ibrahim Boubacar Keita ava mu mabanga yiwe imyaka 3 imbere y'uko ikiringo ciwe kirangira.

Bariyamirije inyishu yashikirijwe imbere yaho n’abahuza bo mu bihugu 15 bigize ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, mu mfunyapfunyo.

Umugambi w’amahoro bari bashikirije wasaba Prezida Keita gushiraho Reta y’ubumwe n’ugusangira ubutegetsi n’abatavuga rumwe nawe. Yamara abayoboye abatavuga rumwe na Reta batangaje ko uwo mugambi utashitse ku vyo bifuza vyose. Ivyo kubera Prezida Keita yoguma ku butegetsi.

Ishirahamwe, CEDEAO rivuga ko ridashobora gushigikira ukuva ku butegetsi kwiwe. Prezida Keita yatowe hisunzwe demokrasi mu matora yo mu mwaka w’i 2013, yongera gutorwa imyaka itanu inyuma yaho.

Abanyagihugu baratakaje icizere muri we kubera ivyagirizo vya ruswa n’umugumuko w’intagondwa z’abayisilamu watanguye umwaka umwe imbere yuko ashika ku butegetsi. Ibitero vy’izo ntagondwa bikaba vyariyongeye kurushiriza ku ntwaro yiwe.

Mu kwezi kwa gatandatu, abantu ibihumbi n’ibihumbi baratanguye imyiyerekano mu mabarabara basaba ko Prezida Keita atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG