Uko wahagera

Ibice 40 kw'Ijana vy'Abanyenijeriya Bugarijwe n'Ubukene


Ibice 40 kw'Ijana vy'Abanyenijeriya Bugarijwe n'Ubukene. Ivyo bitigiri vyashizwe ahabona uno musi ku wa mbere n’ibiro vy’igihugu bijejwe gushikiriza ibiharuro mu bisata bitandukanye vy’ubuzima muri ico gihugu.

Ivyo biri mu cegeranyo cavyo ku bukene n’ubusumbane hagati y’abanyagihugu mu bijanye n’uburyo bw’ukwibeshaho vyerekana ko ibice 40 kw’ijana vy’abanyanijeriya babayeho bakoresheje musi y’amadolari 381.75 ku mwaka. Ni ukuvuga abantu imiliyoni 82 n’ibihugu amajana icenda.

Nijeriya ni co gihugu cimbura ibitoro vyinshi cane kurusha ibindi bihugu vyo muri Afrika. Ibitoro vyinjiza ibirenga igice c’amafranga aja mu kigega ca Reta. Yamara, ukuzera cane ku bitoro vyarageramiye ubutunzi bw’igihugu, bituma ubwo butunzi budakwiragira mu banyagihugu basanzwe.

Ubutunzi bugaragara mu bantu bari ku rushi bari ku butegetsi canke bakorana n’abari ku butegetsi. Nijeriya izogira ibibazo kurushiriza mu gihe ibigitiri vy’abantu bitera vyiyongera mu gihugu. Nijeriya ivurwa ka izoba ifise abantu imiliyoni 400 mu mwaka w’i 2050.

Ubutunzi bwa Nijeriya bwari busanzwe bucumbagira imbere y’ikiza c’umugera wa Corona. Ibiharuro vyashikirijwe ntibirimwo Reta ya Borno yasinzikajwe bikomeye n’umugumuko w’abarwanyi b’umurwi Boko Haram umaze imyaka irenga cumi. Ivyo kubera abajejwe gutororokanya ibiharuro mu nzego zitandukanye z’ubuzima bw’igihugu batashoboye gushika mu bice bitari bike muri iyo Reta kubera umutekano muke uharangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG