Uko wahagera

HCR: Ibitigiri vy'Impunzi kw'Isi Bibandanya Kuduga


Impunzi z'Abanyafuganistani
Impunzi z'Abanyafuganistani

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, ritangaza ko abantu imiliyoni 68.6 kw’isi bahunze ingo zabo mu mwaka uheze bitewe n’ingwano, ubwicanyi n’ugutotezwa.

Filippo Grandi arongoye HCR yabwiye abamenyeshamakuru i Geneve mu buswisse ko ibitigiri vy'abahunze mu 2017 biri hejuru cane ugereranije n'ivy'abahunze mu 2016. Abenshi mu bahunze nkuko Grandi abisigura bahunze intambara z'urutavanako zidatorerwa inyishu.

Filipo Grandi urongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kiraba ivy’impunzi kw’isi HCR
Filipo Grandi urongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kiraba ivy’impunzi kw’isi HCR

Filippo Grandi avuga ko ibitigiri birenga bibiri vya gatatu vy’impunzi kw'isi bigizwe n'abanyagihugu bo muri Afuganistani, Siriya, Sudani yo mu bumanuko na Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ni mugihe ku bwa HCR abagera kuri 85 kw’ijana vy’abahunga baturuka mu bihugu bikenye canke bibayabaye mu butunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG