Uko wahagera

Guinee Equatoriale Izokwugara Ambasade Yayo mu Bwongereza


Amabendera y'igihugu ca Guinee Equatoriale
Amabendera y'igihugu ca Guinee Equatoriale

Ni ingingo ifashwe inyuma yuko Ubwongereza bufatiye ibihano mu ndwi iheze umuhungu wa prezida Teodoro Obiang Mangue imwagiriza gusahura imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari y’amafranga y’igihugu yakoresheje mu kugura inyubakwa zizimvye cane hamwe n’indege ziwe bwite.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Guinee Equatoriale, Simeon Oyono Esosno, yatangaje ko batazokwihanganira abivanga mu bibazo biraba igihugu cabo, kw’ivyo biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. Ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, yamenyesheje ko ata mitahe Obiang Nguema yigeze ashira mu Bwongereza canke ngo yagirizwe ivyaha mu masentare y’ico gihugu.

Amenyesha ko yafatiwe ivyo bihano kubera amarementanya, ibinyoma n’imigambi y’ububisha vyashizwe imbere n’amashirahamwe amwe amwe ategamiye reta ashaka gucafuza isura nzira y’igihugu ciwe.

Ubwongereza bwatangaje mu ndwi iheze ko buzofata amatungo yiwe ari mu gihugu bwongere bumuziririze kwinjira ku gataka kabwo.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG